Abahinga b’Ibanki y’isi bari mu Burundi kuraba imigambi bafasha aho igeze (A. Niyonzima)

Abategetsi 11 b’Ibanki y’isi bari mu Burundi kuva kuri uyu wa kane, aho baje kuraba uko imigambi iyo banki ifasha ihagaze. Bakaba bazogendera inganda zitandukanye zaba iz’abikorera ivyabo canke iza leta kugira barabe aho zigeze mu kwiteza imbere. Ivyo bisigurwa n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta Audace Niyonzima, hari ku munsi kane igihe yari ahejeje kubonana n’abo bategetsi. Avuga kandi ko bazobanza kwakirwa n’umushikiranganji wa Mbere, imbere y’uko babonana n’umukuru w’Igihugu.

Пікірлер

    Келесі