Abakorera mu gisata co kwunguruza abantu basaba leta kubafasha

Igisata co kwunguruza abantu n’ibintu kigeze aho umwansi ashaka kubera ikena ry’igitoro. Ubu abakorera muri ico gisata bose bari mu bibazo bidasanzwe, abenshi bakaba bicaye ata co bafise bakora. Ivyo bikaba bikora kuri ba nyene ingendeshwa, abazitwara, abazikora co kimwe n’abakomvwayeri. Charles Ntirampeba, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’abunguruza abantu n’ibintu mu Burundi ATRABU, avuga ko imiryango yabo itakigira ic’epfo n’ica ruguru. Agasaba leta ko yobafasha.

Пікірлер: 1

  • @kezananafleur8480
    @kezananafleur848015 күн бұрын

    Rondera umuMarketeur wo muri ILU canke Summit