Abahejeje mu kigo FATED ntibemerewe kubandanya muri kaminuza (F. Havyarimana)

Abanyeshure bize mu kigo cari kijejwe kwigisha ivy’ubuhinga FATED, nta burenganzira bafise bwo kwiga muri kaminuza z’Uburundi. Ubumenyi bafise ngo ntibukwiye kugira babandanyirize muri kaminuza. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Indero mu kiganiro giherutse kuremeshwa n’abashikiranganji mu ntara ya Makamba. Ku bwa François Havyarimana, n’itegeko ry’umukuru w’Igihugu ribitomora ryaramaze guterwako umukono.

Пікірлер