#𝗕𝗨𝗧𝗢𝗬𝗜_𝗖𝗹𝗮𝘃𝗲𝗿

Ойын-сауық

#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶 #Ngozi #𝗠𝘄𝘂𝗺𝗯𝗮
Bavuga ko umukuru w'iyo Zone:𝗡𝗔𝗛𝗔𝗬𝗢 𝗖𝗵𝗮𝗻𝘁𝗮𝗹 yatorokesheje BUTOYI Claver yari yafashe umwana w'umwigeme ku nguvu.
Nk'uko bavyigana,kw'igenekerezo rya 10/04/2024,umugabo 𝗕𝗨𝗧𝗢𝗬𝗜 𝗖𝗹𝗮𝘃𝗲𝗿 w'imyaka 35 ku mutumba wa Karungura yarafashe ku nguvu umwana w'umwigeme akiri muto w'imyaka 15 yitwa 𝗠𝗨𝗦𝗔𝗩𝗬𝗜𝗠𝗔𝗡𝗔 𝗔𝗹𝘃𝗲𝗿𝗮.Uwo mwana ni ikimuga(afise ubumuga bw'amaguru)yarerewe mu kigo "𝗝𝗘𝗛𝗢 𝗞𝗨𝗞𝗜" co mu vyerwa vya Ngozi.BUTOYI Claver asanzwe akorera akazi ko kumwa(coiffeur)kur'uwo mutumba wa Karungura,ari asanzwe avuka ku mutumba Kabasazi w'iyo zose nyene.Asanzwe yubatse urwiwe.
Agifatwa ku nguvu,uwo mwana w'umwigeme yaciye anayarukanwa kwa muganga.Uwo musi nyene,igenekerezo rya 10/04/2024 wa mugabo BUTOYI Claver yaciye afatwa,aja gupfungirwa mu gasho ka Zone Mwumba.
Uwo mwana agifatwa ku nguvu,abajejwe agateka k'abana mur'iyo zone no muri Commune barakoze icegeranyo,bagihereza umushikirizamanza (Procureur) mukuru:𝗡𝗚𝗔𝗕𝗢𝗡𝗭𝗜𝗭𝗔 𝗙𝗿𝗮𝗻𝗰𝗸
Icatangaje abantu,kw'igenekerezo rya 13/04/2024(inyuma y'imisi 3 gusa)chef de zone NAHAYO Chantal yaciye atorokesha wa mugabo BUTOYI Claver yarapfungiwe mu gasho ka Zone.Amakuru dukura kur'iyo Zone yemeza ko kur'iryo genekerezo rya 13/04/2024,Chef de zone yaje ku gasho,agenda atwaye BUTOYI Claver nk'uwugiye gusamba.Ijisho ryabaye iryo.Amakuru yandi dufise(tudashobora kwemeza cane)avuga ko uwo mugabo yoba amaze gushika mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
Ntivyoroshe.Umuryango w'uwo mwana umaze kumenya ko wa mugabo yatorokeshejwe,bukeye bwaho waciye witura umushikirizamanza mukuru NGOMANZIZA Franck.Uwo nawe yaciye ategeka Chef de Zone NAHAYO Chantal kuzana(#kwerekana) uwo mugabo BUTOYI Claver iyo yamushize mu misi itarenga 3,canke naho chef de Zone agasubira mu kibanza ciwe.Iyo misi 3 yaraheze wa mugabo atarabonekana
Umushikirizamanza mukuru yaciye asohora umutahe uhagarika chef de Zone NAHAYO Chantal.Uwo mutahe washikiye ku nyamiramabi(#OPJ) yo muri Commune Mwumba yitwa 𝗨𝗪𝗜𝗭𝗘𝗬𝗜𝗠𝗔𝗡𝗔 𝗪𝗶𝗹𝗹𝘆.Uwo mu OPJ vyaranse ko afata Chef de Zone kandi amubona.OPJ Willy aguma yiteza utunyoni,kumbure kugira asamaze abanyagihugu,bavyibagire.
Mu gashavu kenshi abanyagihugu ntibatahura impamvu chef de Zone NAHAYO Chantal atarafatwa mu gihe yubahutse kurekura(gutorokesha)umuntu yarapfunzwe kandi yakoreye ikibi kidasanzwe umwana w'ikimuga.
Basaba inzego za
@MiniJustice_BDI
gufasha kugira bikunde haboneke ubutungane nyakuri kur'iyo dossier.
@GeneralNeva
@CNIDH_Bdi#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
#Interviews_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Пікірлер: 9

  • @HabibintwariDavid-eq1dr
    @HabibintwariDavid-eq1dr29 күн бұрын

    Sha baribakwiye kumwica umwomuntu yagotse kumwana

  • @user-qg5gl6ok6f
    @user-qg5gl6ok6f29 күн бұрын

    Bavuga uwugendana ubumuga Daniel🎉ikimuga ni inkono imenetse😅

  • @user-td1li1qj9c
    @user-td1li1qj9c29 күн бұрын

    😢😢😮

  • @user-bj2ct6ms6p
    @user-bj2ct6ms6p29 күн бұрын

    Mbega kumenga musitanteri numugore emwe yoba ateyisoni

  • @christainc.5217
    @christainc.521729 күн бұрын

    Emwe aho bizoherera mumajambo😢😢😢gusa babicishamajambo

  • @CharlseChima-tj7tu
    @CharlseChima-tj7tu29 күн бұрын

    Intambara yaratumenye amaso numutamakazi yakunda kubivuga ko intambara yarabamenye amaso

  • @hatungimanajonas
    @hatungimanajonas29 күн бұрын

    Owo mu opj ngira ntazi ivyajejwe uwamitorokesheje nafatwe mbega iyagira kumi police muto aba arihe ubu

  • @CharlseChima-tj7tu
    @CharlseChima-tj7tu29 күн бұрын

    Ikimuga barabikuye bavuga bati uwugenda a ubumuga

  • @asiyaasiya1138
    @asiyaasiya113829 күн бұрын

    Muburundi abantu bose baraturubuye ntabwenge bakigura

Келесі