Urwaruka ni rwo ruzobazwa kazoza k’Urwanda mu kubungabunga ugusubiza hamwe (Kagame)

Urwanda rwahimbaje kuri uyu wa 4 Mukakaro imyaka 30 iheze rubohowe, umunsi wibutsa igihe Inkotanyi zafata igihugu, inyuma y’intwaro ya Juvénal Habyarimana yateguye ikongera igashira mu ngiro ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu mwaka w’1994. Umukuru w’Igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, yashimye intambwe Urwanda rugezeko mu bijanye n’ugusubiza hamwe Abanyarwanda, eka mbere no mu bijanye n’iterambere mu vy’ubutunzi. Yaboneyeho gutera akamo urwaruka kuzigama neza ivyagezweko muri ico gihe c’imyaka 30 kugira ngo Urwanda rubandanye rutera imbere.

Пікірлер