Umuhari MIJB ubona ko urwaruka rwagumye ruhura n’ibibazo vya politike kuva Uburundi bwikukira

Urwaruka rw’Uburundi ntirwigeze rwitabwaho n’intwaro zihitiye kugira zirukure mu bibazo vy’urutavanako rwaciyemwo, ari na co gituma rutitabira ibikorwa vya politike y’igihugu nka bakuru barwo mu bijanye no guharanira igihugu gishingiye ku mategeko, nk’uko umuganwa Ludoviko Rwagasore yavyipfuza. Ni ko mu muhari w’urwaruka MIJB babibona mu gihe Uburundi bwaraye buhimbaje imyaka 62 iheze buronse intahe yo kwikukira. Daniel Ngendakumana, umuvugizi w’umuhari MIJB, arafise icizere ko ubu urwaruka rwamaze guca ubwenge rukamenya ibibera mu gihugu, akarusaba no kwiyumvira inyishu ku bibazo bihari.

Пікірлер

    Келесі