Kubera iki abasoda b’Abarundi bariko bapfira mu ngwano yo muri Congo ku bwinshi ? (G. Rukindikiza)

Ntivyumvikana igituma abasirikare b’Abarundi bari kugwana muri Congo. Bivugwa na Gratien Rukindikiza, yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi. Amenyesha ko ari co gituma hapfa abasirikare benshi b’Abarundi, abandi na bo bakanka kugwana kuko baba badatahura iyo ngwano. Rukindikiza akabona ko Abarundi ata nyungu z’igihugu ca bo bariko baragwanira muri Congo, ahubwo bariko bakorera inyungu z’iyindi mirwi.

Пікірлер

    Келесі