Ikimenyetso ko Uburundi budakenye ni uko ata nzara ikihabarizwa (E. Ndayishimiye)

Évariste Ndayishimiye ararahira akarengwa ko ata gishomeri kikiri mu gihugu, kiretse ibinebwe bidashaka gukora. Yasubiye kuvyemeza mw’ijambo ryiwe ry’uguhimbaza imyaka 62 Uburundi bumaze bwikukiye. Akaba yasubiye kandi kwemeza ko Uburundi ari igihugu cifashe, na rirya ku bwiwe inzara itakibazwa mu gihugu cose.

Пікірлер: 1

  • @user-ug1xz2gf6t
    @user-ug1xz2gf6t15 күн бұрын

    None kwadasuma arya inguvu zabanyagihugu ; akaba atazi ibintu ingene bigurwa kwisoko ; abanyagihugu bintara zose bakaba birigwa barakubitigwa kumushikanira ; yobura kwiyagarisha igiti ga bantu b'Imana !!! Ngo ntabishomeri bihari nkukwo womengo ntamenyako nama société yahasanze yirigwa arugara kubera uruhombo ruturutse kukubura ivyankenerwa. None nshasha zavutse zirihe ??? Zikorera hehe kugira zibe zaratanze ubuzi kubishomeri ???? Ariko ntibitangaje usanga yikorera vyinshi adasoma ama rapports canke umugani wiwe yarabuze abamufasha bamubwiza ukuri😢😢😢😢