Igenwa ry’uwurongoye abashingamateka ba CNL rihonyanga amategeko y’Inama nshingamateka (T. Sibomana)

Haheruka kugenwa uwurongoye umurwi w’abashingamateka b’umugambwe CNL mushasha. Akaba yagenwe n’ibiro vy’Inama nshingamateka. Asubiriye uwahoze arongoye uwo mugambwe Agathon Rwasa. Ariko rero iyo ngingo ntiyashimishije bose. Aho ni nka Tatien Sibomana wo mu mugambwe UPRONA. Uwo yanonosoye amategeko avuga ko amategeko ngenderwako y’Inama nshingamateka yahonyanzwe mu ngingo yayo ya 52. Akongera akibutsa ko urubanza rujanye n’amatati ari mu mugambwe CNL rukiri imbere y’ubutungane. Arti n’imiburuburi ivyo biro vyari kurindira ibizova muri urwo rubanza. Tatien Sibomana yabivugiye kuri radiotélévision Isanganiro.

Пікірлер

    Келесі